Mariko
4 Hanyuma atangura kwongera kwigishiriza iruhande y’ikiyaga+. Buno isinzi rinini cane rikoranira iruhande yiwe, bituma yurira mu bwato yigira hirya, yicara ku kiyaga, mugabo isinzi ryose ryari iruhande y’ikiyaga ku nkengera+. 2 Nuko atangura kubigisha ibintu vyinshi mu bigereranyo+ no kubabwira mu nyigisho yiwe+ ati: 3 “Umvirize. Ehe umubivyi yarasohotse kubiba+. 4 Hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira, inyoni ziraza zirazirya+. 5 Izindi na zo zigwa ahantu h’urubuyebuye, aho vyumvikana ko zitaronse ivu ryinshi, zica ziramera buno nyene kuko zitaronse ivu rishika kure+. 6 Mugabo izuba rirashe, zirababuka, maze kubera ukutagira imizi zica ziruma+. 7 Izindi na zo zigwa mu mahwa, hanyuma nya mahwa araduga, arazinyoha, maze ntizama na gato+. 8 Mugabo izindi zaguye mw’ivu ryiza+ hanyuma zirakura, ziragwira, zitangura kwama, zama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana+.” 9 Nuko yongerako iri jambo ati: “Uwuri n’amatwi yo kwumviriza niyumvirize+.”
10 Buno igihe yari wenyene, abamukikije hamwe na bamwe cumi na babiri batangura kumubaza ibibazo ku vyerekeye nya bigereranyo+. 11 Na we ababwira ati: “Mwebwe mwarahawe kumenya ibanga ryeranda+ ry’ubwami bw’Imana, mugabo ku bo hanze ibintu vyose biza mu bigereranyo+, 12 kugira ngo naho baraba, barabe yamara ntibabone, kandi naho bumva, bumve yamara ntibategere insobanuro, canke ngo bigere bahindukira ngo bababarirwe+.” 13 Ababwira kandi ati: “Ko mutamenye ico kigereranyo, none muzotegera gute ibindi bigereranyo vyose?
14 “Umubivyi abiba ijambo+. 15 Ng’aba rero zimwe zagwa iruhande y’inzira aho ijambo ribibwe: bakimara kuryumva Shetani araza+ agatwara nya jambo ryabibwe muri bo+. 16 Muri ubwo buryo nyene, ng’aba izabibwe ahantu h’urubuyebuye: bakimara kwumva iryo jambo, bararyemera n’akanyamuneza+. 17 Yamara nta muzi bagira muri bo, ahubwo bamara igihe gito; maze amakuba canke uruhamo bigize ngo biravyuka kubera iryo jambo, baca batsitara+. 18 Hari n’izindi zabibwe mu mahwa; abo ni abumvise iryo jambo+, 19 mugabo amaganya+ y’ivy’iki gihe* be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi+ be n’ukwipfuza+ ibindi bintu, bikabinjiramwo hanyuma bikanyoha iryo jambo, maze rigacika ikirumbirane+. 20 Ubwa nyuma, izabibwe mw’ivu ryiza ni abumviriza iryo jambo bakaryakira neza hanyuma bakama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana+.”
21 Abandanya kubabwira ati: “Mbega itara rizanwa ngo rishirwe munsi y’igisimbo co gupimisha canke munsi y’igitanda? None ntirizanwa ngo rishirwe ku gitereko caryo+? 22 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe atari ukugira ngo gishirwe ku mugaragaro; nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe atari ukugira ngo kije ahabona+. 23 Uwo wese ari n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize+.”
24 Yongera kubabwira ati: “Mwitwararike ivyo muriko murumva+. Ingero mugeresha, ni yo namwe bazobagererako+, egome, muzokwongerwa n’ibindi+. 25 Kuko uwufise azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa+.”
26 Nuko abandanya kuvuga ati: “Ni co gituma ubwami bw’Imana bumeze nk’igihe umuntu amija imbuto kw’ivu+, 27 hanyuma agasinzira mw’ijoro, ku murango akavyuka, za mbuto na zo zikamera hanyuma zigakura, mu buryo atazi+. 28 Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze. 29 Mugabo iyo vyeze, aratuma agakero agasarura, kuko iyimbura rigeze.”
30 Abandanya kuvuga ati: “Ubwami bw’Imana tubusanishe n’iki, canke tubugereranye n’iki+? 31 Busa n’agatete ka sinapi, akabibwe mw’ivu ari ko kabuto kanzwinya kuruta imbuto zose ziri kw’isi+— 32 mugabo kamaze kubibwa, karakura kakaruta ibindi biterwa vy’imboga vyose hanyuma kakazana amashami manini+, ku buryo inyoni zo mu kirere+ zishobora kwibera mu gitutu cako+.”
33 Akoresheje ibigereranyo vyinshi+ mwene ivyo rero yarababwira ijambo ry’Imana, nk’uko bari bashoboye kwumviriza. 34 Nkako, nta co yababwira adakoresheje ikigereranyo, mugabo mu mwiherero abigishwa biwe yarabasigurira ibintu vyose+.
35 Hanyuma kuri uwo musi, bumaze kugoroba, ababwira ati: “Tujabuke tuje ku yindi nkengera+.” 36 Nuko bamaze kurungika rya sinzi, bamutwara mu bwato, nk’uko yari, kandi hari n’ubundi bwato bwari kumwe na we+. 37 Buno haduka ikirura c’umuyaga gikaze, imipfunda na yo iguma yisuka mu bwato, ku buryo ubwato buhakwa kwuzura amazi+. 38 Mugabo we yari yibereye mw’itenzi* aryamye ku musego. Nuko baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, nta co bikubwiye kuba tugira duhone+?” 39 Aca aravyuka akankamira nya muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora! Tekereza+!” Nya muyaga uca uraturura, haratekana cane+. 40 Araheza ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha? Mbega nta kwizera na gukeya muragira?” 41 Mugabo bagira ubwoba budasanzwe, babwirana bati: “None uyo ni nde, ko mbere n’umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira+?”