2 Abami
2 Nuko Yehova ari mu kudugana Eliya+ mu kirura c’umuyaga mu majuru+, Eliya na Elisha+ baragenda bavuye i Gilugali+. 2 Eliya atangura kubwira Elisha ati: “Ndakwinginze wicare ng’aha, kuko Yehova ubwiwe antumye gushika i Beteli.” Mugabo Elisha avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ n’ukubaho kwawe+, ntituvana+.” Nuko bamanuka i Beteli+. 3 Maze abahungu b’abahanuzi+ bari i Beteli barasohoka baja aho Elisha ari, bamubwira bati: “Ubwo vy’ukuri urazi yuko uno musi Yehova aza gutwara shobuja kugira ntabandanye kuba umukuru wawe+?” Na we ati: “Na jewe ndabizi neza+. Nimucereze.”
4 Maze Eliya amubwira ati: “Elisha, ndakwinginze wicare ng’aha, kuko Yehova ubwiwe antumye i Yeriko+.” Mugabo avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova n’ukubaho kwawe, ntituvana.” Bashika rero i Yeriko. 5 Maze abahungu b’abahanuzi bari i Yeriko begera Elisha hanyuma bamubwira bati: “Ubwo vy’ukuri urazi yuko uno musi Yehova aza gutwara shobuja kugira ngo ntabandanye kuba umukuru wawe?” Na we ati: “Na jewe ndabizi neza. Nimucereze+.”
6 Hanyuma Eliya amubwira ati: “Ndakwinginze wicare ng’aha, kuko Yehova ubwiwe antumye kuri Yorodani+.” Mugabo avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova n’ukubaho kwawe, ntituvana+.” Bompi babandanya kugenda. 7 Nuko abagabo mirongo itanu bo mu bahungu b’abahanuzi baragenda, baguma bahagaze nka hariya, aho umuntu ashobora kubona+; mugabo bobo uko ari babiri bahagarara iruhande ya Yorodani. 8 Eliya rero atora impuzu y’ibango yiwe+, arayizinga hanyuma akubita amazi, maze buhorobuhoro amazi arigabura, amwe hino ayandi hirya, ku buryo uko ari babiri bajabuka baciye ku butaka bwumutse+.
9 Bakimara kujabuka, Eliya abwira Elisha ati: “Saba ico ndagukorera imbere y’uko njanwa, ngakurwa iruhande yawe+.” Elisha aca avuga ati: “Ndakwinginze, imigabane ibiri+ y’impwemu yawe+ ize kuri jewe+.” 10 Aca avuga ati: “Usavye+ ikintu kigoye. Niwambona igihe nzoba njanywe nkuwe iruhande yawe, birakubera gutyo; mugabo nutambona, ntibiza kuba.”
11 Bakiriko baragenda, bakaba bagenda baravuga, erega, ehe umukogote w’intambara w’umuriro+ n’amafarasi y’umuriro, maze bitandukanya abo babiri; nuko Eliya aduga mu kirura c’umuyaga mu majuru+. 12 Muri ico gihe cose Elisha yariko arabibona, kandi yariko asemerera ati: “Dawe, dawe+, mukogote w’intambara wa Isirayeli n’abagendera ku mafarasi biwe+!” Nuko ntiyasubira kumubona. Afata rero impuzu ziwe, azitantamuramwo ibipande bibiri+. 13 Hanyuma atora ya mpuzu y’ibango+ ya Eliya yari yakorotse ivuye kuri we, asubira inyuma maze ahagarara ku nkengera ya Yorodani. 14 Nuko atora nya mpuzu y’ibango ya Eliya yari yakorotse ivuye kuri we, akubita amazi+ hanyuma avuga ati: “Yehova Imana ya Eliya ari hehe+?” Akubise amazi, buhorobuhoro aca arigabura, amwe hino ayandi hirya, ku buryo Elisha ajabuka.
15 Abahungu b’abahanuzi bari i Yeriko bamubonye nka hariya, batangura kuvuga bati: “Impwemu+ ya Eliya yaje kuri Elisha.” Nuko baza kumusanganira maze baramwunamira+ bashika hasi. 16 Hanyuma bamubwira bati: “Ehe rero, abasuku bawe bari kumwe n’abagabo mirongo itanu, abantu b’intwari. Turakwinginze bagende kurondera shobuja. Hari aho impwemu+ ya Yehova yoba yamuteruye hanyuma ikamuterera kuri umwe mu misozi canke muri umwe mu mibande.” Mugabo avuga ati: “Ntimubarungike.” 17 Baguma bamuhata gushika aho yumva ubuyega, ku buryo avuga ati: “Rungike.” Barungika rero abagabo mirongo itanu; bamara imisi itatu barondera, mugabo ntibamutora. 18 Igihe bagaruka aho ari, yaba i Yeriko+. Maze ababwira ati: “Sinababwiye ngo: ‘Ntimugende’?”
19 Mu nyuma abagabo b’igisagara babwira Elisha bati: “Ehe rero, igisagara kiri ahantu heza+, nk’uko databuja abibona; mugabo amazi+ ni mabi, kandi igihugu gituma inda zikoroka+.” 20 Aca avuga ati: “Nimunzanire akabakure gashasha hanyuma mugashiremwo umunyu.” Nuko barakamuzanira. 21 Maze arasohoka aja kw’isôko ry’amazi hanyuma aritereramwo uwo munyu+ araheza avuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Aya mazi ndayagize meza+. Ntazosubira guteza urupfu canke gutuma inda zikoroka.’” 22 Ayo mazi aracari ayakijijwe gushika n’uyu musi+, nk’uko ijambo rya Elisha ryari, iryo yari yavuze.
23 Nuko ava ng’aho, aduga i Beteli+. Ari mu nzira aduga, uduhungu+ dusohoka mu gisagara maze dutangura kumucokora+, tuguma tumubwira duti: “Duga, rutwe rw’ubuhanza+! Duga, rutwe rw’ubuhanza!” 24 Amaherezo arahindukira, arababona hanyuma abahamagarirako akabi+ mw’izina rya Yehova. Maze idubu+ zibiri z’ingore zirasohoka zivuye mw’ishamba, zitabagura abana mirongo ine na babiri muri bo+. 25 Nuko abandanya kugenda avuye ng’aho, ashika ku musozi Karumeli+, maze avuye ng’aho asubira i Samariya.