Hoseya
5 “Nimwumve ibi, yemwe baherezi+, mutege yompi, ewe nzu ya Isirayeli, mutege ugutwi namwe nzu y’umwami+, kuko urubanza ari mwebwe rwerekeye; kubera ko mwabereye umutego+ Mizipa, mukaba nk’urusenga rushanje hejuru ya Tabori+. 2 Abata umurongo bivobetse mu gikorwa c’ukwica+, kandi narabahimirije bose+. 3 Jewe ubwanje naramenye Efurayimu+, kandi Isirayeli ntiyampishijwe+. Kuko ubu, ewe Efurayimu, wafashe abagore nk’aho ari abamaraya+; Isirayeli yarihumanije+. 4 Ibikorwa vyabo ntibibakundira kugaruka ku Mana yabo+, kuko hagati muri bo hari impwemu y’ubusambanyi+; kandi Yehova ubwiwe, ntibamwemeye icese+. 5 Ubwishime bwa Isirayeli bwaramwagirije amaso mu yandi+; Isirayeli na Efurayimu batsitara mw’ikosa ryabo+. Yuda na we nyene yatsitaranye na bo+. 6 Bagiye kurondera Yehova bajanye umukuku wabo n’ubusho bwabo, mugabo ntibamubonye+. Yari yigiriye arabaheba. 7 Bahemukiye Yehova ubwiwe+, kuko bavyaye abana b’ahandi+. Ubu rero mu kwezi kumwe bazorotsanywa n’imigabane yabo+.
8 “Nimuvugirize inzamba+ i Gibeya+, n’urumbete i Rama! Nimuvugirize akaruru k’intambara i Beti-aveni+—inyuma yawe, ewe Benyamini+! 9 Ewe Efurayimu, uzoba akajoreza ku musi w’uguhambarirwa+. Namenyesheje mu miryango ya Isirayeli amajambo yo kwizigirwa+. 10 Abaganwa ba Yuda babaye nk’abantu bigiza inyuma urubibe+. Nzobasukako uburake bwanje nk’amazi. 11 Efurayimu arahahazwa, akajanjagurwa mu butungane+, kuko yiyemeje gukurikira umurwanizi wiwe+. 12 Kandi nabereye Efurayimu nk’agakoko k’akanyundo+, mbera inzu ya Yuda nk’ukubora.
13 “Efurayimu yarabonye indwara yiwe, Yuda na we abona igisebe ciwe+. Nuko Efurayimu aja i Ashuri+, atuma intumwa ku mwami ahambaye+. Mugabo uno, mwebwe ntiyashoboye kubakiza+, kandi ntiyashoboye kubavura igisebe akoresheje umuti+. 14 Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambwe y’umukangara+, n’inzu ya Yuda nk’intambwe y’umukangara y’umugāra. Jewe nzobatabagura, ngende nsengēse, kandi nta wuzobarokora+. 15 Nzogenda, nisubirire ahantu hanje gushika bishuye icaha cabo+; kandi bazorondera koko mu maso hanje+. Nibaba bageze habi+, bazondondera+.”